Uko wahagera

Croix Rouge Yiyemeje Gutabara Impunzi Zipfira Muri Mediterane


Umuryango utabara imbabare kw’isi wa Croix Rouge warungitse mw’ibahari mediterane ubwato buzoba bushinzwe kurokora no gutabara abantu bahura n’ibibazo mu kiyaga mediterane mugihe baba bahungiye mu Bulayi.

Ubwo bwato buzokizura akarere kari hagati ya Afirika y’uburaruko hamwe n’igihugu c’Ubutaliyano, agace abantu bashika ibihumbi 3,100 baheruka gusiga ubuzima bibiye mu mazi uyu mwaka.

Amakuru atangwa na Croiz Rouge amenyesha ko bizeye k’uwo mugambi uzorokora ubuzima bw’abatari bake kandi ugabanye imibabaro y’impunzi bivanye n’ibihe bigoye zibamwo ziriko zigerageza kujabuka mediterane.

Ubwo bwato bizigiye ko bushobora kuzorokora abantu 1,100 buri kwezi.

XS
SM
MD
LG