Uko wahagera

Iterabwoba muri Nijeriya


Umugwi w’iterabwoba Boko Haram, uvugwamwo kutumvikana kw’abategetsi bawo, kuva mu ndwi iheze. Ivyo vyatumye bamwe bavuga ko, uwo mugwi umaze imyaka indwi, ushobora kuba uriko uragenda akagirire.

Mu gwandiko rusohogwa rimwe ku ndwi na Reta ya Kisilamu, uwo mugwi waratangaje ko uwitwa Abou Moussab al-Barnawi ariwe agiye kurongora umugwi Boko Haram, usanzwe ukorera mu ntara za Afurika yo mubuseruko.

Al-Barnawi yasubiriye uwitwa Abubakar Shekau, yatangajwe n’igisirikare ca Nijeriya ko yapfuye, n’imbere y’uko Al-Barnawi atogwa ngw’arongore Boko Haram.

Umuhuzabikorwa w’amashirahamwe ya Isilamu muri Nijeriya, Khalid Aliyu, avuga ko Boko Haram yatakaje cane inguvu. Khalid avuga ko Boko Haram yatakaje akarere kanini k’aho yahora ikorera, mu buraruko bwa Nijeriya, no mu bisagara bihana imbibe na Nijeriya. Khalid akavuga kandi ko yibaza kwari naco gituma Boko Haram iriko irahindura inzego, kugira igarukane inguvu

XS
SM
MD
LG