Uko wahagera

Burundi: Irengero rya Jean Bigirimana Ntiriramenyekana


Umumenyeshamakuru, Jean Bigirimana

Umumenyeshamakuru, Jean Bigirimana

Kuva kw’itariki ya 22 ukwezi kw’indwi umumenyeshamakuru Jean Bigirimana, afatwa, gushik'ubu ntawuramenya iyambu yiwe. Haba ku butaka bw’Uburundi canke mu bindi bihugu nta muntu aravuga ko yamubonye. Ku musi wa gatatu w’indwi iheze, ikinyamakuru akorera Iwacu canditse kimenyesha ko yoba afungiwe mu gasho k’iperereza, mu ntara ya Muramvya, mu gihugu hagati.

Ico kinyamakuru cari cituye umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, CNIDH, kuja kuraba aho i Muramvya, kuko canavuga ko yoba ariko arasinzikarizwa ubuzima akicishwa na kigoyi.

Muri iyo ntara nta gasho k’iperereza kahari nk’uko vyemezwa n’umugwi CNIDH. Ariko umukuru w’uwo mugwi asigura ko mu ntumbero y’ukwimara amazinda yishikiye ku rugo rw’uwuringoye iperereza i Muramvya. Naho nyene mubago ntiyahabonye ico yaragiye arondera.

Jean Baptiste Baribonekeza, umukuru wa CNIDH ariko rero asaba igipolisi gushira inguvu, mu karere ka Zone Bugarama, intara ya Muramvya, mu matohoza gikora.Burundi

Aho i Bugarama, n’umuryango wa Jean Bigirimana, co kimwe n’umukoresha wiwe niho bavuga ko yabonetse irya nyuma. Igipolisi caramaze gutanguza amatohoza kikaba caruguruye dosiye. Ariko umuvugizi w’igipolisi, Pierre Nkurikiye, yemeza ko gushikubu ata kintu na kimwe cokwemeza k’uwo mumenyeshamakuru yazimanganiye i Bugarama.

Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zima muntu uvuga ko hakiri icizere k ‘uwo mumenyeshamakuru atorwa.

Umukenyezi wa Jean Bigirimana, Godeberte Bigirimana, nawe asigura ko ata kintu na kimwe yiyumvira cotuma umunega wiwe agirirwa nabi. Yabibwiye Ijwi rya Amerika bikimenyekana ko yazimiye.

Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka n’ubwigenge bwo kumeneysaha amakuru asaba Leta y’Uburundi gukora ibishoboka vyose kugira umumenyeshamakuru Jean Bigirimana, atorwe atarazimanganirizwa ubuzima.

Aha twovuga nka Committee To Protect journalists, CPJ, na Reporters Sans Frontières. Uwo mumenyeshamakuru akaba yakorera ikinyamakuru cigenga Iwacu, n’ikinyamkuru co ku buhinga ngurukana bumenyi, Info Grands Lacs. Imbere yaho yarakoreye Radio yigenga Rema Fm, aho yari umuyobozi w’ubudandaji.

Eloge Willy Kaneza, Bujumbura, Ijwi rya Amerika.

XS
SM
MD
LG