Uko wahagera

Ububirigi: Abapolisi 2 Baratemwe n'umupanga


Igipolisi c’Ububirigi kimenyesha ko umugabo yar’afise umupanga kandi atera akamo avuga "Allahu Akbar" yishwe arashwe n’igipolisi kuwa gatandatu inyuma y’aho akomerekereje abagore babiri b’abapolisi mu gisagara ca Charleroi.

Umushikiranganji wa mbere w’Ububirigi Charles Michel yamenyesheje ko ariko akurikiranira hafi ivyo vyabaye kandi ko anegura ico gitero.

Ico gitero co mur’ico gisagara ca Charleroi cabaye inyuma y’aho abandi bantu 32 bishwe m’ukwezi kwa gatatu ku kibuga c’indege c’I Buruseli. Umuhari wa reta ya Kiyisilamu wemeye ko ariwo wabikoze.

XS
SM
MD
LG