Uko wahagera

Ubufaransa: 13 Barahitanwe n'Umuriro


Akabare" Cube Libre"
Akabare" Cube Libre"

Abategetsi bo mu buraruko bw’Ubufaransa bamenyesha ko abantu 13 bishwe n’umuriro wadutse mu nzu y’ubunywero barimwo mugihe bariko bahimbaza umusi mukuru w’amavuko wa mugenzi wabo.

Abandi batandatu barakomeretse, umwe akaba yarababaye cane. Itororokanirizo ry’amakuru Reuters ryatangaje ko abo bantu bari mu myaka iri hagati ya 18 na 25.

Uwo mucanwa wadutse mu bunywero bwitwa Cuba Libre buri mu gisagara ca Rouen kiri muri Normandy mu gatondo ka kare ejo kuwa gatandatu, bavuga ko watewe na buji.

XS
SM
MD
LG