Uko wahagera

Afirika y'Epfo: ANC Warushijwe mu Matora i Pretoria


Abategetsi n'abanywanyi ba ANC batangazwa n'ivyavuye mu matora i Pretoria
Abategetsi n'abanywanyi ba ANC batangazwa n'ivyavuye mu matora i Pretoria

Umugambwe ANC uri k’ubutegetsi muri Afirika y’Epfo waratsinzwe k’umurwa mukuru Pretoria mu matora yo ku mitumba.

Bubaye ubwa mbere uwo mugambwe utsindwa muri Pretoria kuva aho harangiriye intwaro karyanisha miryango ya apartheid.

Umugambwe utavuga rumwe na reta Democratic Alliance Party watahukanye amajwi 43.1 kw’ijana mugihe ANC waronse 41.2 mu matora y’I Pretoria.

Ariko n’aho bir’uko umugambwe ANC, wa Nelson Mandela uracaza imbere mu majwi mu gihugu cose mugihe ufise amajwi 54 kw’ijana.

Abakurikiranira hafi ivya politike mur’ico gihugu bavuga ko abanyagihugu bafise ishavu baterwa n’ubusomeri burenze urugero barimwo hamwe n’ibiturire birangwa mu bategetsi.

XS
SM
MD
LG