Uko wahagera

Rio 2016: Amerika Yatsindiye Umudari wa Mbere w'Inzahabu


Ginny Thrasher hagati ariko yerekana umudari w'inzahabu yatsindiye imbere y'abandi bose
Ginny Thrasher hagati ariko yerekana umudari w'inzahabu yatsindiye imbere y'abandi bose

Leta zunze ubumwe z’Amerika nico gihugu cabaye ica mbere catsindiye umudari w’inzahabu mu mahiganwa y’inkino za Olempike yatanguye kuwa gatandatu I Rio De Janeiro muri Brezile.

Ginny Thrasher, n’umwigeme w’imyaka 19 ahiganwa mu bagore barasa bakoresheje inkoho ndende yabaye uwa mbere mu banonotsi bose yatanguye gutsindira umudari w’inzahabu.

Nawe Hoang Xuan Vihn (HWONG soon-VINN) yahaye igihugu ca Vietnam umudari wa mbere w’inzahabu mu gutsinda ihiganwa ry’abarasisha inkoho ntonto.

Umubirigi Greg Van Avermaet (van-AV-ehr-mat) nawe yabaye uwa mbere yatahukanye umudari wa mbere w’indahabu mu bagabo bagendesha amakinga mw’ibarabara.

Koreya yo mu bumanuko yararushije Amerika itwara umudari w’inzahabu mu barasa imyampi. Iyindi midari yatahukanwe n’abagabo hamwe n’abagore mu nkino zo kunagana za Judo.

Mwomenya ko Amerika arico gihugu ca mbere gifise abanonotsi benshi mur’ayo mahiganwa, conyene caserukiwe n’abashika 554.

XS
SM
MD
LG