Uko wahagera

ONU: Antonio Guterres Ashobora Kuzosubirira Ban Ki Moon


Antonio Guterres, atwara HCR akaba ariko ahiganirwa kuzosubirira Ban Ki Moon
Antonio Guterres, atwara HCR akaba ariko ahiganirwa kuzosubirira Ban Ki Moon

Uwahoze ar’umushikiranganji wa mbere wa Portugal, Antonio Guterres aboneka ko ariwe aza imbere mu bariko bahiganirwa ikibanza c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mushasha.

Guterres yaratangaje ibihugu bitari bike, bivanye n’ubuzobere afise aho asanzwe ariwe arongoye HCR akaba yarabaye umushikiranganji wa mbere wa Portugal kuva mu 1995 gushika muri 2002.

Abandi bariko bahiganirwa uyo mwanya n’uwahoze ar’umukuru w’igihugu ca Slovaniya Danilo Turk, Uwahoze ar’umushikiranganji w’imigenderanire wa Serbiya, Vuk Jeremic.

Abandi ni ministre w’imigenderanire wa Argentine Susana Malcorra, na Irina Bokova arongoye UNESCO, hamwe n’abandi.

Inama ya ONU ijejwe umutekano niyo iriko iratunganya ayo matora, uwuzorusha abandi akazoca asubirira Ban Ki-moon kw’igenekerezo rya mbere, ukwezi kwa mbere umwaka w’2017.

XS
SM
MD
LG