Uko wahagera

Imigambi Yihuta yo Kunagura Ikawa mu Burundi


Abarimyi b’ikawa bo ku mutumba na zone Ruziba komine Mugina y’intara ya Cibitoke ahatangurijwe isekeza ryo gukata no gusasira ico giterwa ku rwego rw’intara, ntibumva kumwe ivy’ico giterwa

Abarimyi b’ikawa bo ku mutumba na zone Ruziba komine Mugina y’intara ya Cibitoke ahatangurijwe isekeza ryo gukata no gusasira ico giterwa ku rwego rw’intara, ntibumva kumwe ivy’ico giterwa

Reta y’Uburundi irafise imigambi yihuta yo kunagura igiterwa c’ikawa. Umwe muriyo n’uwo kugwiza imivyaro y’ikawa yosubirizwa izishaje.

Ivyo vyashikirijwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Joseph Butore ubwo yari gutanguza mu ntara ya Cibitoke isekeza ry’uno mwaka ryo gukata no gusasira ikawa.

Abarimyi b’ikawa bo ku mutumba na zone Ruziba komine Mugina y’intara ya Cibitoke ahatangurijwe isekeza ryo gukata no gusasira ico giterwa ku rwego rw’intara, ntibumva kumwe ivy’ico giterwa.

Bamwe bashikiriza ko hakurima ico giterwa, bopfuma barima ibiterwa mbumbarugo canke ibiti vy’ivyamwa bafatiye ku mwimbu bitanga ku mwaka.

Naho bir’uko hari abarimyi bagifise umwete wo gukorera ikawa. Disiyano Ngendakumana wo ngaho nyene mu Ruziba rwa komine Mugina afise igipimo c’akarorero kirimwo ibiti vy’ikawa birenga 500 . Avuga ko we yiteguye gusubiriza ikawa zishaje.

Bamwe mu barimyi b’ikawa iruhande y’uko ataco bagikura mw’ikawa bashikiriza ko bagiheraniwe kugera magingo aya udufaranga tw’ikawa two mu mwaka wa 2014.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yahumurije abarimyi b’ikawa bagiheraniwe udufaranga twabo two mu myaka iheze ko Leta itareze amaboko ko vuba bagiye kuturonswa. Nayo ku bibaza ko igiciro c’ikawa gitera kigabanuka Joseph Butore arabahumuriza ko uno mwaka kw’isoko mpuz’amakungu igiciro c’ikawa kizoba cifashe neza.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yibukije ko ku mafaranga y’agaciro yinjira mu kigega ca Leta ikawa yinjiza ayagera ku vy’ijana biri hagati ya 60 na 80, bisigura ko ataworota aheba kurima ikawa.

XS
SM
MD
LG