Uko wahagera

ANC Ntiyorohewe Muri Afurika y'Epfo


Umugambwe uri ku butegetsi muri Afurika y’Epfo, ANC, waraye utakaje imyanya myinshi mu matora y’intango yabaye ku munsi wa gatatu.

Muri rusangi, ANC iracari imbere mu bibanza vy’Inama Nshingamateka, yamara umugambwe wa Nelson Mandela, ntiwifashe neza mu matora yaraye abaye.

Ababikurikiranira hafi bakavuga ko abanyagihugu bafise agashavu kubera ubushomeri ari bwinshi, ibiturire bikaba vyariraye muri Reta.

Ibiharuro vyavuye mu matora yo mu gisagara ca Johannesburg, igisagara kinini aho muri Afurika y’Epfo, hamwe na Pretoria, umugwa mukuru, vyerekana ko umugambwe utavuga rumwe na Reta, Alliance Democratique, uriko urafata ikibanza kitari gito.

Somadoda Fikeni, akurikirana ivya politike avuga ko igitigiri c’abanywanyi bavuye kuri ANC, ataho cari bwigere kiboneka.

XS
SM
MD
LG