Uko wahagera

Imodoka Ziva mu Rwanda Ntizinjira mu Burundi


Abantu barashobora kururuka imiduga bageze ku rugabano rw’Uburundi n’Urwanda bakarengana n’amaguru

Abantu barashobora kururuka imiduga bageze ku rugabano rw’Uburundi n’Urwanda bakarengana n’amaguru

Igipolisi c'igihugu c’Uburundi kimenyesha ko imiduga y'ugutwara abantu n'ibintu iva mu Burundi yemerewe gusohoka ariko iyiva mu Rwanda ariyo itemerewe.

Umuvugizi w'igipolisi Pierre Nkurikiye asigura ko n'ibidandazwa atari ivyimburwa mbumbarugo bishobora gusohoka ata ngorane.

Ingingo yafatiwe imiduga iva mu Rwanda ni nayo kandi yafatiwe iyiva mu gihugu c'Ubuganda itwara abadandaza b'abarundi.

Umukuru wa rimwe mu ma shirahamwe yunguruza abantu n’ibintu hagati ya Bujumbura na Kigali yabwiye Ijwi rya Amerika ko ata ngingo n’imwe yanditse Leta y’Uburundi yigeze ibamenyesha.

«Nta nyandiko twabonye twabibonye uko ntituramenya igikurikira».

Umuvugizi w’igipolisi asigura ko ingingo y’ukubuza imiduga yunguruza abantu n’ibintu iva canke ija mu Rwanda kurengana urubibe rw’Uburundi yafashwe mu ntumbero y’ukwirinda abagizi ba nabi bahora bayizamwo rimwe na rimwe.

Igipolisi cemeza ariko ko ata mipaka yugawe. Abantu ngo barashobora kururuka imiduga bageze ku rugabano rw’Uburundi n’Urwanda bakarengana n’amaguru hanyuma bagafatira imiduga ibunguruza bageze hakurya muri kimwe murivyo bihugu bivanye n’iyo berekeje.

K’urubuga rwa Twitter, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Ubudandaji mu Rwanda, Emmanuel Hategeka, yavuze ko Igihugu c’Urwanda coco kitazofata ingingo nk’izafashwe n’Uburundi. Ingingo zijanye no kutemerera urudadanza rw’ibifungugwa hanze y’Urwanda.

Gushikubu nta ngingo yanditse ya Leta y’Uburundi irasohoka. Ku mupaka wa Gasenyi-Nemba imiduga y’amashirahamwe yunguruza abantu ya Volacano na East Africa Car niyo atemerewe kwinjira mu Burundi, nkuko tubikesha umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika.

Ayo mashirahamwe uko ari abiri yegukira abanyarwanda.

Ingaruka zo Kubuza Ibiribwa Biva Mu Burundi Bijabuka mu Rwanda

Isoko ya Bugarama mu karere ka Rusizi n’ isoko iremwa n’ abanya Rwanda, Abarundi naba kongomani. Muri kino gihe abarundi ntibemerewe kugira ico bashoye mu Rwanda bigatuma abantu bagabanuka cane muriyo soko kuko abasanzwe baba aho i Bugarama bamenyesha ko icakabiri cabantu barema iyo soko bava mu ntara ya Cibitoke mu Burundi

Muriyo soko inyanya, ibitunguru, intore, imyubati bimwe mubintu vyashoka cane muriyo soko bivuye mu Burundi birakenye cane bikaba vyatumye ibiciro vyavyo biduga cane.

Inkurikizi kuriyo ngingo ya reta y’ Uburundi yokubuza ko ibiribwa biva mu Burundi bijabuka mu Rwanda Abarundi ubwabo barayinegura kuko bamenyesha ko izotuma ubukene bubatera kandi bari bararimye. Bamenyesha yuko iyo ngingo idafuswe izosiga ingo nyishi mubukene ntangere.

Abandi iyo ngingo yakozeko nabasanzwe bunguruza abantu babakura I Bugarama babajana ku mupaka wa Ruhwa Uburundi buhana n’ U Rwanda. Bamenyesha yuko batakironka abo bunguruza bigatuma amafaranga bahora binjiza agabanuka cane.

Naho batashimye kuvugira kuri micro ya Radiyo Ijwi ry’Amerika, bamwe mu batoza kori bamenyesha yuko amafaranga batoza nabo nyene yagabanutse.

Abo badandaza bava mugihugu c’ i Burundi basaba reta kubatezurira bagasubira gushora mu Rwanda nayo ubundi hoho ivyo barimye bizopfira mu mirima.

XS
SM
MD
LG