Uko wahagera

Irani: Aba Kurdes 20 Baramanitswe


Muri Irani, amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yariyamirije kuwa kane ubwicanyi bwakozwe na reta ya Irani kuba Isilamu 20 bo m’ubwoko bw’aba Kurdes ibagiriza ibikorwa vy’iterabwoba.

Urwego rw’iperereza rwa Irani rwatangaje kuwa gatatu ko abo bantu bishwe bamanitswe kuko bari mu bakoze ibitero mu ntara z’uburengero bw’ico gihugu, bishe abagore n’abana ndetse ngo bishe n’abakuru b’abanyedini batari bake.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu muri Irani avuga ko reta yitwaza umuhari wa reta ya Kiyisilamu mu gutera ubwoba no kwica abanyagihugu.

Ubwoko bw’aba Kurdes bugize ibice 9 kw’ijana ku banyagihugu imiliyoni 80 ba Irani. Ayo mashirahamwe yamye anegura ingendo ya Irani ko kunyonga canke kwica abantu reta yita abagizi ba nabi.

Amnesty International yo imenyesha ko abantu 977 banyonzwe mu mwaka w’2015, benshi muri bo bagirizwa ivyaha bifatiye kubiyayura umutwe.

XS
SM
MD
LG