Uko wahagera

ONU: Sudani Yo mu Bumanuko Yarishe Abantu Benshi


Zeid Ra'ad Al Hussein, umukuru w’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe ivy’agateka ka zina muntu.
Zeid Ra'ad Al Hussein, umukuru w’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe ivy’agateka ka zina muntu.

Umukuru w’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe ivy’agateka ka zina muntu, Zeid Ra'ad Al Hussein asaba inama ya ONU ijejwe umutekano gufata ingingo zikomeye kuri Sudani yo mu Bumanuko.

N’inyuma y’aho bigaragariye kw’inzego z’umutekano z’ico gihugu zishe aba sivile, zifata ku nguvu abakenyezi n’abigeme kandi zisambura amatungo yabo atacamira.

Zeid amenyesha ko ubwicanyi bukibandanya k’umurwa mukuru Juba no mu bindi bice vy’igihugu.

Icegeranyo ONU yasohoye mur’iyi ndwi kimenyesha ko abantu bashika 217 bafashwe ku nguvu k’umurwa mukuru Juba kuva ku magenekerezo ya 8 gushika kuya 25 z’ukwezi kw’indwi.

Reta y’ubumwe yashinzwe m’ukwezi kwa kane niyo yari gushiraho sentare ihana abagirizwa ivyaha nk’ivyo bikorwa n’impande zose ariko iyo sentare ntiyashoboye gushingwa bivanye n’indyane za politike zikibandanya.

XS
SM
MD
LG