Uko wahagera

Boko Haram Yoba Ifise Umuyobozi Mushasha


Abarwanyi b'umurwi Boko Haram
Abarwanyi b'umurwi Boko Haram

Hashobora kuba habaye ihunduka ry’ubuyobozi mu murwi w’iterabwoba wo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, Boko Haram.

Mu vya nyuma vyanditswe mu kinyamakuru gisohoka uko indwi itashe, kuri internet, vyashizwe ahabona na Reta ya Kiyislamu bitangaza ko Abu Musab al-Barnawi, nk’umuyobozi mukuru muri iki gihe w’umurwi Boko Haram.

Ivyo kwoba ari ukuvuga ko ubuyobozi bumaze igihe bwa, Abubakar Shekau, bwoba burangiye.

Al-Bernawi, yari asanzwe ari umuvugizi wa Reta ya Kiyislamu.

Mu butumwa bwafashwe amajwi, bwasohotse kuri internet, Shekau, asa n’uwavuze ko azorondera kugira uruhara mu buyobozi, n’ugutuma umurwi Boko Haram, uguma wunze ubumwe. Amenyesha ako abanywanyi b’uwo murwi baticiyemwo ibice. Avugako bazobandanya bakwirikiza amabwirizwa ya Korani n’inyigisho z’intumwa, Muhammed, n’imigenzo y’idini. Arangiza avuga ko bakiri umurwi Boko Haram.

Umurwi, Boko Haram, wiyemeje gukwirikiza amabwirizwa ya Reta ya Kiyislamu mu kwezi kwa gatatu, umwaka w’i 2015.

Mu ntango z’uyu mwaka, Shekau, asa n’uwavuze mu buryo budatomoye ko azogira uruhara rotoyi, mu murwi Boko Haram, igihe yatangaza mu butumwa bwa video kw’ikiringo ciwe carangiye.

XS
SM
MD
LG