Uko wahagera

Afrika y'epfo: Abatavuga rumwe Bagize Intambwe mu Matora


Musenyeri yafashe akaruhuko ko mu zabukuru Desmond Tutu ariko aratora mu matora yo mu nzego zo hasi mu gisagara ca Cape Town, muri Afrika y'epfo, kw'italiki 3 z'ukwezi kw'umunani, umwaka w'i 2016
Musenyeri yafashe akaruhuko ko mu zabukuru Desmond Tutu ariko aratora mu matora yo mu nzego zo hasi mu gisagara ca Cape Town, muri Afrika y'epfo, kw'italiki 3 z'ukwezi kw'umunani, umwaka w'i 2016

Ivyavuye mu matora yo mu nzego zo hasi muri Afrika y’epfo, vyerekana kw’imigambwe itavuga rumwe na Reta yagize intambwe zikomeye ku mugambwe uri ku butegetsi, ANC.

Mu gihe ibirenga igice c’amajwi bimaze guharurwa, umugambwe ANC, wagumanye amajwi menshi ku rwego rw’igihugu. Yamara gushigikira uwo mugambwe kwabaye hasi cane, kuva intwaro ya Apartheid irangiye mu mwaka w’i 1994.

Abakwirikirana ibintu bari batangaje ko umugambwe ANC, wari gutakaza abawushigikiye, mu matora y’uwu mwaka. Ivyo kubera amarorerwa afatiye kuri ruswa n’ukuntu abanyagihugu batera batanezerezwa na gato, n’ukutaronswa ibintu ngenderwako.

Nta nkeka ko umugambwe ANC, uzotsinda igice kinini c’ibibanza vyo mu nzego zo hafi mu gihugu. Yamara vyobonekeza ko umugambwe utavuga rumwe na Reta, Democratic Alliance, uzogumana igisagara ca Cape Town. Uwo mugambwe wahiganywe bikomeye n’umugambwe ANC, mu bisagara vya Johannesburg na Pretoria.

Umugambwe ANC, watsinze n’ibice 62 kw’ijana vy’amajwi, mu matora yo mu nzego zo hasi mu mwaka w’i 2011. Uwo mugambwe watsinze n’ibice nkivyo, mu matora yo mu nzego zo hejuru yabaye mu mwaka w’i 2014.

Abanyafrikayepfo imiliyoni 26 bariyandikishije, mu matora yabaye ku musi wa gatatu.

XS
SM
MD
LG