Uko wahagera

Amatora yo ku Mitumba Muri Afirika y'Epfo


Musenyeri Emeritus Desmond Tutu ariko aratora i Milnerton, muri Cape Town, muri Afirika y'epfo.
Musenyeri Emeritus Desmond Tutu ariko aratora i Milnerton, muri Cape Town, muri Afirika y'epfo.

Igihugu ca Afirika y’epfo caratunganije amatora yo ku mitumba k’umusi wa gatatu. Ibiharuro vyavuye mur’ayo matora bitegekanijwe gutangazwa mu ndwi imwe kandi bishobora gutangaza umugambwe ANC uri k’ubutegetsi.

Umugambwe ANC niwo wiharije urubuga rwa politike kuva mu mwaka w’1994, ariko abakurikiranira hafi ivya politike mur’ico gihugu bavuga ko kur’iyi ntwaro ya Perezida Jacob Zuma uyo mugambwe wahinduye iyindi shusho.

Umugambwe wagirizwa kurya ibiturire, ubushomeri bwabaye ndanse kandi hari n’ubusumbasumbane bunini mu gusabikanya ubutunzi bw’igihugu.

Abahinga bavuga ko umugambwe utavuga rumwe na reta Democratic Alliance ushobora gutahukana intsinzi mu bisagara kandi ko ushobora kurushiriz’aho mu matora y’umukuru w’igihugu yo muri 2019.

XS
SM
MD
LG