Uko wahagera

USA: Obama Yatezuriye Imbohe


Perezida Obama mw'ibohero ryo muri rata ya Oklahoma

Perezida Obama mw'ibohero ryo muri rata ya Oklahoma

Perezida Barack Obama wa Leta zunze ubumwe z’Amerika yagabanirije igipfungo abanyororo 214 bari mu busho butandukanye bw’Amerika.

Uko kubatezurira n’akigoro Obama agize mu gukosora ingendo irangwa mu butungane bw’Amerika yo gufunga abantu ibihe birebire ku vyaha bito.

Mur’abo batezuriwe k’umusi wa gatatu harimwo 67 bari baciriwe umunyororo wo guherayo, benshi mur’abo bagirizwa ivyaha bifatiye no kunywa ibiyayura mutwe.

Kuva ashika k’ubutegetsi Obama amaze gutezurira abanyororo 562, igitigiri kitigeze gishikwako n’abakuru b’ibihugu 9 bamutanguriye bose bashizwe hamwe.

Abakuru b’igihugu bakunda gutezurira imbohe canke kubagiriro ikigongwe mugihe baba bariko begereza kurangiza amabanga.

Abategetsi bo mu biro vya White House bamenyesha ko Obama agiye kuzotezurira n’abandi imbere yuko arangiza amabanga yiwe m’ukwezi kwa mbere umwaka w’2017.

XS
SM
MD
LG