Uko wahagera

USA: Abasirikare Barenga 30 Baranduye Zika


Abasirikare 33 bo mu gisirikare ca Leta zunze ubumwe z’Amerika baranduye umugera wa Zika mugihe bari ku mirimo yabo mu makungu, harimwo n’umukenyezi umwe yibungenze.

Abategetsi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Amerika bamenyesha ko abo basirikare bose banduriye uwo mugera mu bihugu uwo mugera uvugwamwo.

Haruhande y’abo hari n’imiryango itandatu y’abasirikare imaze kwandura uwo mugera.Umuvugizi w’ibiro vya Pentagone, Major Ben Sakrisson, ntiyavuze abakirwaye canke igitigiri c’abamaze kugarukanwa muri Amerika.

Abantu barenga 1,650 muri Amerika nibo bavugwa ko bamaze kwandura uwo mugera mu mezi aheze, nka bose bawanduye mugihe bari mu ngendo mu mahanga.

XS
SM
MD
LG