Uko wahagera

Uburundi Bwanze Abapolisi ba ONU


Muriryo tangazo Leta y’Uburundi imenyesha ko itangazwa n’ukuntu ingingo y’akanama ka ONU k’amahoro n’umutekano yafashwe gihutihuti. Iyo rero ngo ishobora kugira inagruka mbi rwose kubera Uburundi butagishijwe inama hisunzwe uko bisanzwe bikorwa.Umuvugizi wa Leta yemeza ko n’ingingo yari yafashe y’ukwemera abapolisi mvamakungu batagira ibigwanisho itegerezwa kubangirwako.

Leta isaba umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-moon kurabira hagufi igituma ibihugu vy’Ubufaransa n’Ububiligi arivyo vyama bifata iyambere mu gusabira ibihano Uburundi. Kubwa Leta ngo ivyo bihugu bisahaka kunyegeza ukuri ku mabi yashikiye Uburundi bifisemwo uruhara muri kahise. Leta iranerekana ikindi kintu kiyibabaje rwose: ingingo z’agasakisaki zifatirwa Uburundi muriyi myaka iheze.

Leta yagiriza igihugu c’Ubufaransa gushaka kugeragereza umugambi w’ihonyabwoko mu Burundi. Mw’ijoro ryo kuwa gatanu w’indwi iheze, akanama k’amahoro n’umutekano muri ONU kemeje ingingo y’ukurungika abapolisi 228 mu Burundi. Iyo ngingo yashikirijwe n’Ubufaransa isaba ko bomara umwaka bikenewe bakongerwa imisi. Abo bapolisi bakaba arabo kuraba ibijanye n’umutekano n’agateka ka zina muntu.

Ibihugu 11 kuri 15 bigize akanama k’amahoro n’umutekano nivyo vyayemeje. Bine, birimo Angola, Misiri, Venezuela n’Ubushinwa, ntaco vyayivuzeko.

XS
SM
MD
LG