Uko wahagera

Sudani yo Mu Bumanuko Yoba Irategekwa na ONU?


Pagan Amum, yahoze ar’umunyamabanga mukuru w’umugambwe SPLM uri k’ubutegetsi muri Sudani yo mu bumanuko.

Pagan Amum, yahoze ar’umunyamabanga mukuru w’umugambwe SPLM uri k’ubutegetsi muri Sudani yo mu bumanuko.

Uwahoze ar’umunyamabanga mukuru w’umugambwe SPLM uri k’ubutegetsi muri Sudani yo mu bumanuko, Pagan Amum, yarashinze umugwi ushinzwe gutera akamo amakungu aho asaba ko ONU ariyo yoba irarongoye igihugu mu twigoro two kugarukana amahoro.

Amum asaba amakungu kunyaruka kugira afashe igihugu gisinzikajwe n’indyane za politike, ingorane z’ubutunzi ntikigende akagirire aho ndetse n’abanyagihugu bugarijwe n’ibibazo bitari bike.

Amenyesha ko Perezida Salva Kiir, hamwe n'uwahoze ar’icegera ciwe ca mbere Riek Machar ndetse n’abandi banyepolitike vyabananiye kurongora igihugu.

Abasaba gukinjura bakabisa abandi bashoboye kugarukana amahoro no gushikana igihugu mu matora.

XS
SM
MD
LG