Uko wahagera

Amerika Irigisha Abasirikare muri Afrika y’Ubumanuko


Birigadiye Jenerali Jon Jensen, icegera c'uwurongoye inteko z'Amerika muri Afrika.
Birigadiye Jenerali Jon Jensen, icegera c'uwurongoye inteko z'Amerika muri Afrika.

Igisirikare ca Leta zunze ubumwe z’Amerika kiriko kiratanga inyigisho za gisirikare ku basirikare bo mu bihugu vya Afrika yo mu bumanuko bari mu bikorwa vyo kubungabunga amahoro no gukinga ibiza.

Izo nyigisho ziriko zibera mu gihugu ca Malawi ziriko zihabwa abasirikare bashika ku 200 bava mu bihugu ndwi vyo mu karere k’Afrika yo mu bumanuko.

Haraheze imyaka ibiri Malawi gitewe n’imyuzure y’amazi. Mu mwaka uheze abantu bashika 200 barapfuye, amahegitare aharurwa mu bihumbi y’indimo aratwarwa.

Amerika yarongereje inyigisho za gisirikare no gutanga imfashanyo ku basirikare bo muri Afrika bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro k'umugabane w'Afrika.

Malawi gisanzwe gifise abasirikare bashika 850 carungitse muri republika iharanira demokarasi ya Kongo kubungabunga amahoro k’uruhande rwa ONU.

XS
SM
MD
LG