Uko wahagera

Papa Ateganya ko Abakenyezi Baba Abadiyakoni


Umwepiskopi Luis Francisco Ladaria Ferrer, ni we ushinzwe komisiyo yo kwiga niba abekenyezi baba abadiyakni
Umwepiskopi Luis Francisco Ladaria Ferrer, ni we ushinzwe komisiyo yo kwiga niba abekenyezi baba abadiyakni

Papa Faransisiko yashinze umugwi ujejwe kwiga uruhara gw’abakenyezi ku gwego gw’abadiyakoni mw’idini Katolika. Ni mw’itangazo ryasohowe n’ibiro bijejwe gutanga amakuru I Vatikano, ku cicaro gikuru c’Idini Katolika.

Uwo mugwi ugizwe n’abantu bashika kuri 13. Iryo tangazo rivuga kandi ko mu bagize uwo mugwi harimwo abagabo 6 n’abakenyezi 6, bazova mu makaminuza atandukanye hirya no hino kw’isi.

Nta tariki yatanzwe y’aho uwo mugwi uzotangurira gukora, canke ikiringo wahawe co kurangura ico gikorwa.

Intambwe Papa Faransisiko yateye ikaba itemerera abakenyezi kuba abapadiri. Papa Pawulo wa kabiri akaba yari yarabihakanye inyuma y’ivyigwa vyabaye mu mwaka w’1994

Abahinga muvy’akahise bavuga ko ishengero kera ryari rifise abadiyakoni b’abakenyezi. Papa Faransisiko yamenyesheje ko abadiyakoni ba kera batatigwa nk’abubu.

XS
SM
MD
LG