Uko wahagera

Reta ya Kiyisilamu Igabisha Kwica Abakirisitu


Umuhari wa Reta ya Kiyisilamu uhamagarira abanywanyi bawo bari m’Ubufaransa no k’umugabane wa Bulayi kugaba ibitero ku bayoboke b’idini ry’igikirisitu.

N’inyuma y’aho uwo muhari wiciye umupadiri w’umufaransa w’imyaka 85 umuciye izosi mugihe yariko ahimbaza inkuka y’imisa m’Ubufaransa. Ubwicanyi abategesti b’Ubufaransa bafise ubwoba ko ar’uburyo uwo muhari utanguye bwo gucanishamwo abakiristu n’Abayisilamu.

Abandi baronderwa kwicwa n’uwo muhari ni Papa Fransinsiko, hamwe n’abategetsi b’ishengero ry’aba Orthodoxe. Papa yagirizwa ko yiyamiriza ubwicanyi bwakozwe mu gisagara ca Orlando hano muri Amerika bwahitanye abantu 49 bari mu nzu y’ubutambiro.

Umurwanyi Abu Sa'd yahoze mw’idini ry’abakristu mu gihugu ca Trinidad Tobago asaba abanywanyi b’uwo muhari mu bihugu vya bulayi kugira iterabwoba ku bakiristu babasanze mu mazu yabo no gusesa amaraso menshi.

Abategetsi b’Ubufaransa bamenyesha ko bari bamaze kwumva ayo makuru ko umuhari wa Reta ya Kiyisilamu ugamije gutanguza intambara yo gucanishamwo imiryango ifatiye kumadini.

Bamenyesha ko bagiye gukora ibishoboka kugira barinde ayo macakubiri hagati y’Abakristu n’aba Isilamu.

XS
SM
MD
LG