Uko wahagera

Abashingamateka ba Turukiya Muri Amerika


Taha Ozhan, arongoye intumwa z'abashingamateka ba Turukiya muri Amerika.

Taha Ozhan, arongoye intumwa z'abashingamateka ba Turukiya muri Amerika.

Har’umurwi w’abashingamateka ba Turukiya uri I Washington gusaba abategetsi ba Leta zunze ubumwe z’Amerika kwohereza umunyedini Fethullah Gulen muri Turukiya.

Gulen n’umunyeturukiya aba muri Amerika yagirizwa n’abategetsi ba Turukiya kuba ariwe yashatse gutembagaza ubutegetsi mur’ico gihugu.

Abo bashingamateka bane bagiraniye imibonano kuwa mbere n’abategetsi b’Amerika bo m’ubushukiranganji bw’ubutungane.

Bategekanya no kubonana n’abo mu bushikiranganji bujejwe umutekano mu gihugu hamwe n’abo muri deparotema ya reta.

Taha Ozhan, arongoye umugwi ujejwe ububanyi n’amahanga mu nama nshingamateka ya Turukiya akaba ari nawe arongoye izo ntumwa yatangaje ko baganiriye bahuza n’abo bategetsi b’Amerika.

Ariko agabisha ko mugihe Amerika yokwica amatwi kur’ivyo bayisaba hashobora kuba ingaruka mbi mu migenderanire hagati y’ivyo bihugu na cane cane m’urugamba basangiye rwo kurwanya iterabwoba.

XS
SM
MD
LG