Uko wahagera

Nigeriya: Igisirikare Cishe Abashite 348 mu Mwaka Uheze


Niogeriya kw'ikarata

Niogeriya kw'ikarata

Umuwi ujejwe itohoza w’igihugu ca Nigeriya, wasanze igisirikare cishe Abayislamu bo mw’ishami ry’Abashite 348, mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze. Uwo murwi wasavye kw’abasirikare bagize uruhara muri ubwo bwicanyi bakwirikiranwa n’amategeko.

Uwo murwi ujejwe itohoza uvuga kw’igisirikare cakoresheje inguvu z’umurengera, mu cegeranyo cawo cashizwe ahabona ku musi wa mbere. Uwo murwi uvugako inteko za Reta zagize uruhara mu gitero c’igisirikare camaze imisi itatu, mu gisagara ca Zaria, kiri mu buraruko bw’igihugu botegerezwa kumenyekana, kugira bakwirikiranwe imbere y’ubutungane.

Igisirikare ca Nigeriya cateye icicaro c’umuyobozi w’Abayislamu b’Abashite, Ibraheem Zakzaky, mu kwezi kw’icumi na kabiri, mu mwaka uheze.

Ivyo vyatumye haba ugutana mu mitwe kwamaze imisi itatu, mu karere ka Zaria. Umusirikare umwe yarishwe muri ukwo gutana mu mitwe.

Zakzaky, yarakomeretse muri ico gitero. Arapfunzwe kuva ico gihe.

Igisirikare cagiriza umuhari, Zakzaky, ayoboye ko wagerageje kwica umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Nigeriya.

Perezida wa Nigeriya, Muhammadu Buhari, yemeye guhagarika burundu ityozwa ry’agateka ka muntu rikorwa n’abasirikare.

XS
SM
MD
LG