Uko wahagera

Umuriro Ubandanya Kubica Bigacika Muri Californiya


Indege iriko irwanya umuriro muri Reta ya californiya

Indege iriko irwanya umuriro muri Reta ya californiya

Imirwi y’abajejwe kurwanya imiriro bariko barwanya umuriro wo mu mashamba wiyadukije mu karere ka, Big Sur, muri Reta ya California. Uwo muriro ugeramiye amazu y’abantu ibihumbi n’ibihumbi. Watumye abantu majana n’amajana bava mu karere uwo muriro wiyadukijemwo.

Mu gihe ukugabanuka kw’ubushuhe vyahaye abajejwe kurwanya uwo muriro agahengwe, uwundi muriro wadutse mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Fresno, wononye amazu agera ku majana ane abayabamwo bari bayahunze.

Abajejwe kurwanya imiriro barenga ibihumbi bitanu, bariko barwanya umuriro uza wasambuye amazu mirongo itanu n’indwi.

Uwo muriro umaze kwihereza kilometero kwadarato ijana na mirongo itandatu, hafi y‘igice kingana n’igisagara ca San Fransisco.

XS
SM
MD
LG