Uko wahagera

Abapolisi b'Abarundi Bahora Centrafrika Batashye


Abapolisi b'abarundi bahora mu gikorwa co guhagararira amahoro mu gihugu ca Centrafrika batashe.

Igipolisi kimenyesha ko ata bandi bagiye kubasubirira. Ariko abapolisi bavyigiye ngo barahari igihe cose vyokenerwa inzego zibijejwe zizovyiga Uburundi burungike abandi nibwaramuka bubisabwe.

Igipolisi cabeshuje kandi amakuru yavuzwe ko bamwe muri abo bapolisi bari basavye ubuhungiro bamenyesha ko umutekano wabo wobangamirwa batashe mu Burundi.

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre Nkurikiye yavuze ko aba bapolisi bakoze birashimwa. Mbere n’amashirahamwe y’ubumwe bwa Afrika na ONU yari yabatumyeko ngo yarashimye ibikorwa baranguye. Ikitavuzwe co ngo n’abanayagihugu bo muri Centrafrika bahoramwo.

Muntango z’ukwezi kwa gatandatu uyu mwaka, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze ko rihagaritse amaserano ryari rifitaniye n’igipolisi c’Uburundi mu gikorwa c’uguhagararira amahoro n’umutekano muri Centrafrika.

Umuvugizi w’igipolisi yavuze ko ivyo atari igipolisi c’Uburundi cobibazwa.

Mu misi iheze ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu FOCODE ryari ryashikirije ko bamwe mu bapolisi bari mu gihugu ca Centrafika baribwiye ko bafise amakenga ku mutekano wabo baramutse batashe i Burundi.

Pacifique Nininahazwe arirongoye yari yanditse avuga ko abo bapolisi bamwituye bongera bitura ONU kugira ibafashe kurondera ubuhingiro.

Pierre Nkurukiye we avuga ko ari ibihuha.

Abapolisi b’abarundi bahora mu gihugu ca Centrafrika ni 280. Abatashe kuruyu wa mbere ni 126.

Mw’ijoro ryo kuyu wa mbere nyene hitezwe abandi nk’abo. Bagenzi babo basigaye bazoza mu misi iri mbere. Abo babaye baragumayo n’abacungereye ibikoresho bahora bakoresha harimwo n’ibigwanisho bikomakomeye imbere y’uko bigarukanwa mu Burundi nk’uko bisigurwa n’umuvugizi w’igipolisi.

Aba bapolisi bari baroye mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Centrafrika mu kwezi kw’icenda umwaka w’i 2014. Mu bisanzwe bategerezwa kumarayo ikiringo c’umwaka. Ariko bo bagumijweyo gushika batahe ntibigeze basubirizwa.

Igihugu c’Uburundi kigira gatatu mu birungika abapolisi benshi mu bikorwa vyo guhagararira

XS
SM
MD
LG