Uko wahagera

Hillary Clinton Imbere ya Donald Trump


Hillary Clinton umukandida w'Abademokarate
Hillary Clinton umukandida w'Abademokarate

Hillary Clinton, umukandida w’Umudemokarate yasubiye kuja imbere y’Umukandida w’Umurepublika bahiganwa, Donald Trump.

Ivyo bibaye inyuma y’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe w’Abademokarate ryabaye mu ndwi iheze, aho abashikirije amajambo banebaguye bikomeye Trump, mu kuvuga ko adakwije ibisabwa kugira ayobore Amerika.

Donald Trump, yari yagiye imbere ya Hillary Clinton, inyuma y’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe w’Abarepublika haheze indwi zibiri.

Yamara muri iki gihe amakoraniro kaminuza y’iyo migambwe uko ari ibiri yarangiye, Hillary Clinton, ari imbere ya Donald Trump, ibice mirongo ine na bitandatu kw’ijana, ku bice mirongo itatu n’icenda kw’ijana, mu bisa nuko ibintu vyari bimeze hagati mu kwezi kwa gatandatu, aho yari imbere ya Trump ibice mirongo ine na bitatu kw’ijanan ku bice mirongo itatu n’indwi kw’ijana.

Ivyatohojwe kandi vyerekana kw’abatora babandanya kutabona neza Hillary Clinton, na Donald Trump, naho vyabaye mitende inyuma y’amakoraniro kaminuza y’imigambwe yabo.

XS
SM
MD
LG