Uko wahagera

Nduta: Imiryango 70 y’Impunzi Yarahungutse


Burundi
Burundi

Muri komine ya Mishiha, mu ntara ya Cankuzo, imiryango ingana 70 ku miryango 157 yari yarahungiye muri Tanzaniya, iramaze guhunguka.

Abo bahungutse bavuga ko batashoboye kwihanganira ubuzima bubi buri mu makambi y’impunzi muri Tanzaniya, maze bahitamwo gutahuka.

Iyo miryango imenyesha ko yakiriwe neza n’ababanyi hamwe n’abajejwe intwaro, kuko bavuga ko babafashije gusuzuma n’amatungo bari basize.

Abejwe intwaro basaba ko n’abandi basigaye botahuka kuko muri komine Mishiha, atabibazo vy’umutekano bihari.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'AMerika mu ntara ya Cankuzo Fidele D'Antoine Nsabimana yakurikiranye iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:51 0:00

XS
SM
MD
LG