Uko wahagera

Nijeriya: Reta Yahagurukiye Abahungabanya Umutekano


Igisirikare ca Nijeriya kirwanira k’ubutaka bafatanije n’abarwanira mu kirere no mu mazi baragavye ibitero bikomeye ku mihari y’abarwanyi iri k’umurwa mukuru Lagos no muri reta ya Ogun.

Ivyo bitero vyahitanye abarwanyi bashika 114 abandi batari bake barakomereka.
Abo barwanyi bari bamaze amezi bagaba ibitero ku miringoti y’ibitero kandi bari bagabishije ko bazobandanya ibindi bitero kugira basinzikaze igisata c’ibitoro.

Mu kiganiro yahaye ijwi ry’Amerika, birigadiye jenerali Rabe Abubakar ajejwe kumenyeshamakuru mu gisirikare ca Nijeriya yamenyesheje ko n’ibindi bitero bigiye gukurikira kugira bahashe ubutakigaruka iyo mihari y’abarwanyi.

Ivyo bitero vyakozwe inyuma yaho abanyagihugu bibiye akabanga abasirikare ba Nijeriya ko abo barwanyi binyegeza I Lagos n’aho Ogun akaba ari naho bava baja kugaba ibitero mu ntara ya delta ya Nijeri ku mahinguriro y’ibitoro.

XS
SM
MD
LG