Uko wahagera

Croix Rouge: Impunzi Nyinshi Zigiye Guhunga Mosul


Jakob Kellenberger, arongoye Croix Rouge
Jakob Kellenberger, arongoye Croix Rouge

Umuryango mpuzamakungu utabara imbabare wa Croix rouge uragabisha ko abantu barenga umuliyoni muri Iraki bashobora guteshwa izabo mu ndwi canke mu mezi ar’imbere mugihe intambara ziriko ziriyongera mu bice bitari bike vy’igihugu.

Croix rouge imenyesha ko abantu barenga imiliyoni cumi aribo bakeneye imfashanyo zihuta muri Iraki, harimwo abashika imiliyoni zitatu bahungiye hagati mu gihugu.

Amashirahamwe ajejwe gufasha avuga ivyo afatiye ku bitero biriko birategurwa gukorwa ku gisagara ca Mosul, ibitero reta ya Iraki imaze umwaka wose itegura kugira yigarurire ico gisagara.

Croix rouge yatanguye gutera akamo amakungu aho isaba imiliyoni 17 z’amadolari kugira itangure kumera magabo.

Ayo mafaranga ivuga ko azofasha mu gutanga amazi, imfungurwa, imiti hamwe n’ibindi vya nkenerwa kubanyagihugu bazoba bugaraniwe mur’izo ntambara.

XS
SM
MD
LG