Uko wahagera

ONU Yemeje Kurungika Abapolisi 228 mu Burundi


UNSC
UNSC

Akanama kajejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU karafashe icemezo kuwa gatanu co kurungika mu Burundi abapolisi mpuzamakungu 228.

Bazoja gukurikirana ibijanye n’agateka ka muntu hamwe gufasha kugira ibiganiro bihuza abarundi bigende neza.

Ako kanama kamenyesha ko kizigiye ko abo bapolisi bazogira akamaro mu gufasha kugira habe icuka ciza hagati y’abaganira kugira igihugu kive m’uruhagara rufatiye kuri politike kirimwo.

Ambasaderi aserukira Amerika muri ONU, Samantha Power amenyesha ko abo bapolisi batazoba barungitswe gucungera umutekano w’abanyagihugu.

Mu ntango z’uku kwezi kwa ndwi, Perezida w’Uburundi Petero Nkurunziza yari yarungikiye urwete ONU rumenyesha ko reta yiwe itazokwakira abapolisi barenga 50.

Ako kanama kamenyesheje kandi ko kiteguye gufatira ibihano abo bose bageramiye umugambi w’amahoro n’abakora ubwicanyi.

Basaba kandi reta y’Uburundi kurekura imfungwa za politike no kwugurura ibimenyeshamakuru vyahagaritswe nkuko yari yavyemeye mu kwezi kwa kabiri.

XS
SM
MD
LG