Uko wahagera

Abanyamerika Bakiye Bate Ijambo rya Hillary Clinton?


Hillary Clinton
Hillary Clinton

Hano muri Amerika. Abantu bakiye mu buryo bunyuranye ijambo Madame Hillary Clinton yavugiye mu nama nkuru y'umugambwe we w'Abademokrate. Iryo jambo ryari ry’ukwemera igenwa ryiwe ku mugaragaro kugira aserukire uwo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kw’icumi na rimwe, muri uyu mwaka.

Abademokarate barashimye cane ijambo ryiwe, mu gihe Abarepublika barinebaguye.

Michelle Obama, umupfasoni wa pereziza w'Amerika, yavuze ko iryo jambo ryari rikomeye cane ry’ugufatirako akarorero rya perezida wa Amerika yimirije. Perezida, Barack Obama, yatangaje ku rubuga Twitter, ko ryari ijambo ryiza cane. Perezida Obama yatangaje kw’arico gituma Hillary Clinton, akwiriye kuba perezida igihe azorangiza amabanga yiwe, mu kwezi kwa mbere mu mwaka uza w’i 2017.

Yamara uwo bahiganwa w’Umurepublika, Donald Trump, yishuye kuri Tiwtter, mu kwagiriza, Hillary Clinton, ko yihojeje ibibazo biri mu gikhugu, ashikiriza inyishu zizotuma ibintu biyanzara kurushiriza ku Banyamerika.

XS
SM
MD
LG