Uko wahagera

Siriya: Akamo k'Ukwugurura Imihora mu Gisagara ca Aleppo


Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu gihugu ca Siriya, Staffan de Mistura, yasavye Uburusiya kurekurira iryo shirahamwe gushiraho imihora iyariyo yose y’ugufaha abanyagihugu, mu gisagara ca Allepo. Ivyo kugira birekurire abasivile guhunga ico gisagara kigeramiwe n’ingwano.

Mw’ijambo yashikirije abamenyeshamakuru, uno musi ku wa gatanu, i Geneve mu gihugu c’Ubusuwisi, Staffan de Mistura, yerekanye ko ashigikiye iyo mihora mu gihe bikenewe. Yavuzeko ibifungurwa biriko birarangira ku bantu bagera ku bihumbi amajana atatu bafatiwe mu gisagara ca Aleppo.

De Mistura, yongeye ashigikira akamo katewe n’umutegetsi mukuru ajejwe gutanga imfashanyo w’ishirahamwe ONU, Stephen O’Brien, kuko hoba agahengwe k’amasaha mirongo ine n’umunani, kugira birekurire imfashanyo y’ibifungurwa yihutirwa n’izindi mfashanyo, gushika mu gisagara ca Aleppo.

De Mistura ,yariko yishura ku ciyumviro cashikirijwe n’Uburusiya c’ukwugurura imihora ine y’uguhungisha abasivile n’abarwanyi bashaka gushira hasi ibirwanisho, mu gisagara ca Aleppo, kiri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi. Aribaza nimba ico ciyumviro gishobora gushirwa mu bikorwa, mu gihe ingwano ibandanya.

XS
SM
MD
LG