Uko wahagera

Umupolisi Yishwe mu Gisagara ca San Diego


Umupolisi umwe yishwe, uwundi arakomereka, mu gisagara ca San Diego, muri Reta ya California, mu burengero bwa Reta zunze ubumwe za Amerika.

Shelley Zimmerman, umukuru w’igipolisi muri gisagara, yabwiye abanyamakuru ko uwari yarashwe cane mu gatuza, yahavuye apfira kwa muganga.

Igihe abo bapolisi baraswa bariko baratunganya uruja n’uruza gw’imiduga. Bagenzi babo bahashitse basanga uwo yapfuye yari yarashwe cane mu gatuza.

Ubwicanyi bw’abo bapolisi bubaye inyuma y’ubundi bwabereye mu bisagara vya Dallas na Baton Rouge mu ndwi ziheze.

Zimmeran yavuze ko uwikwekwa kuba yarashe abo ba polisi babiri ar’umugabo aturuka mu bihugu byo muri Amerika yo mu bumanuko. Yarasanzwe apfunzwe icamaso, kubera ko yigeze kurasira ku bitaro biri aho nyene mu gisagara ca San Diego.

Amatohoza ku vyerekeye icatumye haba ubwo bwicanyi aza yatanguye.

XS
SM
MD
LG