Uko wahagera

Papa Faransisiko Yagendeye Ikibanza ca Auschwitz


Papa Faransisisko, yagendeye uno musi ku wa gatanu ikibanza ca Auschwitz-Birkenau, mu gihugu ca Polonye. Aho ni ahantu Abayaduhudi bagandaguriwe mu kiringo c’ingwano ya kabiri y’isi yose.

Abantu barenga umuliyoni, benhsi muribo Abayahudi, barishwe n’Abanazi muri iyo kambi mu kiringo c’ingwano ya kabiri y’isi yose.

Mu nyuma yaho, Papa Faransisiko, yarabonanye n’abantu bageze mu za bukuru barokotse muri iyo kambi. Yarashize ibuji ku ruhome aho abanyororo biciwe. N’umusi ugira gatatu, mu rugendo rw’imisi itanu Papa Faransisiko,arimwo mu gihugu ca Pologne. Yarabonanye n’abategetsi b’abanyepolitike, abayobozi b’amadini, hamwe n’abamenyeshamakuru.

Papa Faransisiko, n’umupapa agira gatatu agendeye ikibanza ca Auschwitz, mu bumanuko bwa Pologne. Papa Yohani Paulo wa kabiri yagendeye Auschwitz, mu mwaka w’i 1979, mu gihe Papa Benedicto yagendeye ico kibanza mu mwaka w’i 2006.

XS
SM
MD
LG