Uko wahagera

Nijeriya: UNICEF Yahagaritse Gufasha Muri Borno


Umwana asinzikajwe no gufungura nabi yari mu bahora bafashwa na UNICEF muri reta ya Borno.

Umwana asinzikajwe no gufungura nabi yari mu bahora bafashwa na UNICEF muri reta ya Borno.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko rihagaritse imfashanyo ryahora riha abanyagihugu bo muri reta ya Borno muri Nijeriya kumvo z’umutekano, inyuma y’aho ikamyo za UNICEF zitwaye imfashanyo zirwiriye mu mutego w’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana kuwa kane.

Igisata ca ONU cita ku bibondo UNICEF kimenyeska ko umukozi wayo hamwe n’uwundi mukoze afitaniye kontra nabo bakomeretse mur’ico gitero bakaba bariko bavurirwa mu bitaro vyo mur’ako karere.

Ivyo bibaye inyuma y’aho ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe rigabishirije mur’iyi ndwi ko abantu barenga ibihumbi amajana atanu mur’iyo reta ya Borno bakeneye imfashanyo vyihuta.

Bamenyesheje ko abantu bashika ibihumbi 15 bo mugace k’ahitwa Banki bamaze umwaka urenga bihishije batinya abarwanyi b’umugwi wa Boko Harama.

Ayo mezi yose bamaze batagira ibifungurwa vyatumye amagara yabo asinzikara cane kandi cane cane abana bato barabangamiwe no kubura ibifungurwa.

XS
SM
MD
LG