Uko wahagera

Burundi: Kuki Ibiganiro vy'Amahoro Bitihuta?


Haraheze indwi zibiri zirenga imibonona y’Abarundi y’incuro igira kabiri, irangiye I Arusha mu gihugu ca Tanzania. Gushika ubu ariko, nta makuru aratangazwa yerekeye irindi sango.

Vyongeye, ikintu umwunganiriziri, Benjamin Mkapa yahora arongoye igihugu ca Tanzaniya, yoba yarashikirije inama nkuru y’ishirahamwe rya Afurika yakoraniye I Kigali mu Rwanda, kuva kw’igenekereo rya 10 gushika kw’igenekerezo rya 18 ry’uku kwezi kw’indwi, canke ikintu yoba yarashikirije umuhuza mu biganiro vy’abarundi, Perezida w’igihugu ca Uganda, Yoweri Kaguta Museveni, ntikizwi gushika, ubu.

Ikindi kintu giteye amakenga abarundi n’ukuntu ubwicani hamwe n’ubugizi bwa nabi, bubandanya mu Burundi, mu gihe ibiganiro abarundi bose bari bahanze amaso, bisa n’ivyabaye ingorabahahizi:

Ikintu gikwiye gukorwa kugira ngo abarundi baronke agahengwe n’ikihe?

Ikintu abanyapolitike bose boshira imbere mu mibonano yabo cotuma amahoro n’umutekano, bisasagara mu Burundi mu buryo bwihutirwa n’ikihe?

Abatumire bacu, Perezida Sylvestre Ntibantunganya, yahoze arongoye Uburundi, Edouard Nduwimana, icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi hamwe na Ambassaderi Jean Marie Vianey Ndagijimana yigeze kuba umushikiranganji w’igihugu c’u Rwanda ajejwe imigenderanire, baraduha ivyiyumviro vyabo.

XS
SM
MD
LG