Uko wahagera

Ubudagi: Angela Merkel Ntazohindura Imigambi ku Mpunzi


Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel, yariyamirije yivuye inyuma akamo k’ugusubira ku mugambi wiwe w’ukwugururira imiryango impunzi. Ivyo yabivuze inyuma y’ibitero bitari bike mu gihugu mu kiringo c’indwi imwe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ku wa kane, mu gisagara ca Berlin, inyuma yuko ahagaritse akaruhuko yarimwo, Merkel, yatangaje kw’abagize ibitero bashaka kugeramira umutima w’igihugu, w’ukwitaho n’ukwugururira imiryango abandi, hamwe n’ugushaka gufasha ababikeneye. Avuga kw’Ubwudagi bwiyamiriza iyo nyifato.

Madamu Angela Merkel, avuga kw’abagira iterabwoba batuma haba urwanko hagati y’abantu b’imico n’amadini bitandukanye. Amenyesha ko barwanya intumbero nkiyo. Yavuze ko ibitero bine vy’iterabwoba biherutse kuba mu Budagi biteye agahinda. Yamara amenyesha kw’ivyo atari ukuvuga ko abategetsi barengewe n’uko ibintu vyifashe.

Angela Merkel, avugako azobandanya kuvuga kw’Ubudagi buzotorera inyishu ibibazo burimwo muri iki gihe. Atangaza ko reta izokora ibishoboka vyose kugira yubahirize umutekano, ubwigenge, n’amategeko mu gihugu.

XS
SM
MD
LG