Uko wahagera

USA: Trump Asaba Uburusiya Kwabura Hillary Clinton


Umukandida w'Umurepublika, Donald Trump.

Umukandida w'Umurepublika, Donald Trump.

Umukandida w’Umurepublika, Donald Trump, yasavye Uburusiya ku musi wa gatatu, kwinjira mu bubiko bw’ubutumwa bwa email bw’umukandida bahiganwa w’Umudemokarate, Hillary Clinton, kugira butore ubutumwa bwa email ibihumbi mirongo itatu, irengero ryabwo ritazwi, mu gihe yari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yatangaj ko yizeyeko Uburusiya buzoshobora gutora ubwo butumwa bwa email

Trump, amenyesha ko Uburusiya bushobora kuba bufise ubutumwa bwa email, Hillary Clinton, yabona ko bwari ibanga, arabufuta mu bubiko bwiwe bwa email yakoresha igihe yari umushikiranganji ajejwe imigenderanire, kuva mu mwaka w’i 2009 gushika mu mwaka w’i 2013.

Trump, avuga yokwifuza ko Ubususiya bushira ahabona ubwo butumwa bwa email.

Atangaza ko yifuza kubona ubwo butumwa.

Abajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ca Hillary Clinton, bamenyesheje kw’ari ubwa mbere umukandida w’umugambwe ukomeye muri Amerika asaba yivuye inyuma igihugu co mu mahanga gusuma urusaku ku munyepolitike bahiganwa.

XS
SM
MD
LG