Uko wahagera

Bwiza: Abantu Babiri Baragandaguwe


Abantu babiri barishwe mu gaturuturu ko kur’uyu wa gatatu muri Zone Bwiza mu gisagara ca Bujumbura.

Abishwe n'umushoferi wa tagisi hamwe n'uwundi muntu yariko arunguruza.Igipolisi cemeza kw’ ubwo bwicanyi bufatiye ku busuma.

Abo bantu bishwe nk’igihe c’isaha cumi z’igitondo, mu bucagucagu, bwo ku musi wa gatatu.

Biciwe i ruhande y’umuryango w’urwinjiriro rw’ihoteri yitwa Gloria Guest House, iri kw’ibarabara ry’indwi numero 78 muri karitiye na zone Bwiza hagati mu gisagara ca Bujumbura.

N’inkuru ya mugenzi wacu Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:17 0:00

XS
SM
MD
LG