Uko wahagera

Umwiyahuzi Yahitanye Abantu 13 i Mogadisho


Salah Nuh Ismail, azwi kandi kw’izina rya Salah Badbodo, yahoze ari umushikngamateka muri Somaliya, yagiye mu murwi al-Shabab mu mwaka w’i 2010. Ni we muntu ari inyuma y’igitero ca bombe c’umwiyahuzi cahitanye abantu 13 ku murwa mukuru, Mogadisho, ejo ku musi wa kabiri.

Ivyo bitangazwa n’umurwi al-Shabab. Mw’itangazo, uwo murwi umenyesha ko, Salah Nuh Ismail, ari mu ntwari zagize igitero kw’ikambi y’igisirikare ya Halane.

Ico gitero cabereye ku rwinjiriro rukuru rw’ikibuga c’indege co ku murwa mukuru, Mogadisho, mu masaha y’uruja n’uruza rukomeye mu gitondo co ku musi wa kabiri.

Umwiyahuzi yagize ico gitero yageregeje kurengana barireye ijejwe umutekano ari mw’ikamyo yuzuye amabombe, aca aturitsa ayo mabombe yihaye inkumbi.

Urwinjiriro rukuru brw’ikibuga c’indege ca Mogadisho rukoreshwa kenshi n’abakozi bakora ku kibuga c’indege, kandi uri hafi y’inyubakwa z’ishirahamwe ONU, n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika.

Umuvugizi w’urwego rw’igihugu rujejwe umutekano muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Ned Price, yatangaje ejo ku musi wa kabiri ko Amerika iri kumwe na Somaliya, n’ibindi bihugu bikorana, mu rugamba rw’ukurwanya ivyaha bigayitse vy’iterabwoba birondera guhungabanya Somaliya.

Uwo muvugizi amenyesha ko Amerika ibandanya kwiyemeza, ku vyerekeye gufasha Somaliya gutera ija mu nzira y’amahoro n’iterambere, hamwe n’ugutsinda imirwi y’iterabwoba.

XS
SM
MD
LG