Uko wahagera

USA: Babiri Barishwe Muri Florida


Inzu y'Ubutambiro Club Blu
Inzu y'Ubutambiro Club Blu

Abantu babiri barishwe barashwe muri reta ya Florida, muri Leta zunze ubumwe z’Amerika mugihe bari mu nzu y’ubutambiro yitwa Club Blu mu gatondo ko kuwa mbere. Abantu batatu baramaze gufatwa ku mvo z’amatohozwa.

Imvo y’ubwo bwicanyi ntiramenyekana, ariko igipolisi co mur’ako karere kimaze gushikiriza ko ata sano bufitaniye n’ibikorwa vy’iterabwoba.

Abategetsi bamenyesha abari mur’iyo nzu y’ubutambiro bari urwaruka kandi ko abantu bashika 17 bakomeretse, babiri bakaba bababaye cane.

Mur’iyo reta nyene ya Florida, mu gisagara ca Orlando m’ukwezi guheze abantu 49 barishwe barashwe n’umuntu yari yitwaje inkoho mu yindi nzu y’ubutambiro.

XS
SM
MD
LG