Uko wahagera

Abantu 11 Barishwe muri Iraki


Abategetsi b’igihugu ca Iraki batangaza ko umwiyahuzi yari afise bombe yagize igitero kuri bariyere mu buraruko bw’umurwa mukuru, Baghdad, ahitana abantu cumi n’umwe.

Abategetsi bavuga kw’abantu 35 bakomeretse muri ico gitero cabaye ku musi wa mbere mu gisagara ca Kahlis.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, rimenyesha ko benshi mu bapfuye bapfiriye mu modoka zabo igihe bari barindiye kwinjira muri ico gisagara.

Nta wiyitiriye buno nyene ico gitero. Yamara Reta ya Kiyislamu kenshi irangira ibitero vy’amabo mbe vy’abiyahuzi muri Iraki.

XS
SM
MD
LG