Uko wahagera

Liberiya Izohimbaza Imyaka 169 Imaze Yikukiye


2018年12月31日,在中国海南省三亚的一座寺庙里,游客和僧人在新年前夕撞钟祈福,大钟上有“国泰民安”字样。
2018年12月31日,在中国海南省三亚的一座寺庙里,游客和僧人在新年前夕撞钟祈福,大钟上有“国泰民安”字样。

Liberiya izohimbaza imyaka 169 y’intahe y’ukwikukira ku musi wa kabiri. Bamwe mu Banyaliberiya bavuga ko ata kinini bafise c’uguhimbaza iyo myaka bamaze bikukiye kubera ibibazo bikomeye vy’ubutunzi.

Yamara ambasaderi wa Liberiya muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jeremiah Sulunteh, yatangaje naho hari ibibazo, igihugu cagize intambwe zikomeye ku ntwaro ya perezida Ellen Johnson Sirleaf.

Atangaza ko imigambi bafise yo mu mwaka wo mu mwaka w’i 2030 ari imigambi yo mu gihe kirekire y’ugukomeza intambwe bamaze gushikako mu nzira y’uguhindura igihugu.

Amenyesha kw’intambwe zose bamaze kugira muri iyo nzira zikwiye guhimbazwa. Ambasaderi Sulunteh, avuga ko nyinshi mu ntambwe zagizwe mu gikorwa ca Reta c’ugusubira gusanura ibikorwa remezo vyari vyasambuwe n’ingwano.

Sulunteh avuga yizeye ko azogira uruhara muri politike mu mwaka w’i 2017 igihe Liberiya izohitamwo uwuzosubirira perezida, Ellen Johnson Sirleaf.

Atangaza ko bamwe mu bakandida bavuganye nawe ku vyuko bashobora gukorana.

XS
SM
MD
LG