Uko wahagera

Imigenderanire ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Laos


Imigenderanire itera ikomera kurushiriza hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Laos nivyo vyashimikiweko igihe umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Laos, Saleumxay Kommasith.

Baganiriye ku bibazo bitari bike birimwo amagara y’abantu, ibidukikije, indero, ubudandaji n’imitahe ku ruhande rw’inama y’ibihugu vyo mu karere ka Asia yo mu bumanuko bushira ubuseruko, mu gisagara ca Ventiane, muri Laos.

Icegera c’umuvugizi mu bushikiranganji bujejwe imigenderanzire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mark Toner yatangaje ko John Kerry yemeje ko Amerika izoguma yiyemeje ku vyerekeye kubandanya gufasha n’ugukorana na Laos.

Ibibazo vyerekeye umutekano, harimwo Koreya ya ruguru n’igice c’ibahari kiri mu bumanuko bw’Ubushinwa, vyashimikiweko mu biganiro vy’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu karere ko ka Asia yo mu bumanuko bushira ubuseruko.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Kerry, yasubiye gutangaza ko Amerika yasavye ibihugu vyo muri ako karere kwumvikana n’ugusohorera hamwe itangazo ku ngingo iherutse gufatwa na sentare mpuzamakungu ntabanduka ijejwe gutatura amatati ku vyerekeye akarere k’ibahari kari mu bumanuko bw’Ubushinwa.

XS
SM
MD
LG