Uko wahagera

Turukiya: Imigambwe Ntishigikiye Abagomvye Gutembagaza Ubutegetsi


Abanywanyi b'imigambwe ya politike muri Turukiya mu myiyerekano mu gisagara ca Istanbul.
Abanywanyi b'imigambwe ya politike muri Turukiya mu myiyerekano mu gisagara ca Istanbul.

Abanywanyi b’umugambwe uri k’ubutegetsi bafadikanije n’umugambwe uza kw’isonga mu yitavuga rumwe na reta barahuriye hamwe mu myiyerekano yo gushigikira demokarasi no kunegura abashatse gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 15 ry’uku kwezi kw’indwi.

Iyo myiyerekano yabereye mu gisagara ca Istanbul kuwa mungu yari yatumweko n’umugambwe ukomeye utavuga rumwe n’ubutegetsi, Republican People's Party.

Abandi bagize ico bagaragaje kudashigikira abaca kubiri na demokarasi n’igisirikare kirwanira mu kirere casohoye itangazo ko kikiyoboka umukuru w’ibiro bikuru vy’intaramiheto muri Turukiya, Hulusi Akar.

N’inyuma y’aho bigaragariye ko bamwe mur'abo basirikare barwanira mu kirere bagize uruhara mu mugambi wo gushaka gutembagaza ubutegetsi, ndetse baranagira imbohe uwo mutegetsi mu gisirikare Hulusi Akar.

XS
SM
MD
LG