Uko wahagera

USA: Umuyobozi w'Abademokrate Yatanze Imihoho


Debbie Wasserman Schultz, umukuru w'umugambwe w'Abademokrate

Debbie Wasserman Schultz, umukuru w'umugambwe w'Abademokrate

Umukuru w’umugambwe w’aba Demokrate yatanze imihoho kur’uyu w’Imana, imbere y’uko ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe rigamije kwemeza Hillay Clinton ngo awuserukire mu matora y’uyu mwaka w’2016 ritangura.

Debbie Wasserman Schultz, atanze imihoho mugihe hagaragariye ubutumwa ibihumbi 20 bw’indongozi z’uwo mugambwe bwaciye muri email mu mwaka n’igice biheze bwerekana ko bahengamiye kuri Hillary Clinton.

Sanders yari yasavye k’uwo mukenyezi Wasserman Schultz atanga imihoho.
Ahejeje gutanga imihoho, Sanders yatangaje ko Debbie yafashe ingingo nziza kuri kazoza k’uwo mugambwe.

Iryo koraniro kaminuza ryugururwa kur’uyu wa mbere mu gisagara ca Philadelphia, ryitezwemwo abantu bashika ibihumbi 50 barimwo intumwa zirenga ibihumbi 5 zigiye kwemeza Hillary Clinton.

XS
SM
MD
LG