Uko wahagera

Igitero Cyahitanye 80 Muri Afuganistani


Reta ya kiyisilamu yemanze igitero cabaye i Kabul
Reta ya kiyisilamu yemanze igitero cabaye i Kabul

Reta ya kiyisilamu yemanze igitero cabaye kur’uyu wagatandatu, mu gisagara ca Kabul, muri Afuganistani. Ico gitero cahitanye abantu bashika kuri 80 bapfuye, abandi bashika ku 231 barakomereka.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati yatangaje kw’ico gitero cabereye ahariko habera imyiyerekano mu mutekano, aho umu kamikaze yasotoye abari muriyo, aca aturitsa ikibombe, kikaba caciye nawe nyene kimuhitahana.

Uyundi yaciye araswa n’abari bacungereye umutekano mur’iyo myiyerekano.

Perezida Ashraf Ghani, wa Afganistani yatey’ivyatsi ubwo bwicanyi bw’abiyahuzi, avuga kandi ko Reta yashizeho ingingo z’umutekano kugira bashobore gukingira abari mu myiyerekano. Yongeye kandi ashinga umunsi w’ikigandaro mu gihugu.

Abatari bake batey’ivyatsi ubwo bwicanyi, harimwo Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Ishirahamwe rijejwe agateka ka zina muntu Amnesty International, hamwe n’Ibiro vy’Uwuserukira Reta zunze Ubumwe za Amerika I Kaboul, muri Afuganistani.

XS
SM
MD
LG