Uko wahagera

BURUNDI-US: Ambassaderi Dawn Liberi, Yasezeye


Amabassaderi aserukira Amerika mu Burundi, Dawn Liberi

Amabassaderi aserukira Amerika mu Burundi, Dawn Liberi

Mw’itangazo yasohoye, Ambassadeur Dawn Liberi yamenyesheje kw'igihe yashika mu Burundi mu mwaka w’i 2013, igihugu c’Uburundi cari mu nzira y’amahoro n’iterambere. Yibutsa ko car' igihugu gikwiye gufatirwako akarorero ku bwiyunge mu bihugu bivuye mu ndyane n’intambara.

Avuga kw' ico gihe har' ubwigenge, abantu bagashikiriza ivyiyumviro mu mwidegemvyo. Ikindi naco Uburundi ngo bwarerekanye ishaka rwose mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu bindi bihugu.

Ariko umupfasoni Liberi yemeza ko hari vyinshi vyahindutse mur'iki gihe.

« Ikibabaje uyu musi Uburundi buriko buca mu ngorane nyinshi mu vya politike, ubutunzi n’imibano hatibagiwe no muvy’agateka ka zina muntu. Mugabo rero twizeye kw' abegwa n’ibibazo vy’uburundi bazohitamwo inzira y’ibiganiro n’amahoro. Turizigiye inkomezi ziri mu bakiri bato z’ukwubaka igihugu cabo ku bw’akazoza k’imiryango yabo. Haracari ivyizigiro kw' Uburundi buzogumya imigenderanire n’ababufasha n’abagenzi babwo harimwo na Amerika, aho kubaha umugongo.

Naho ngiye imigenderanire y’abarundi na Amerika izogumaho, nifurije abarundi kurama n’amahirwe »

Naho Ambassadeur Liberi afise ivyizigiro ku bijanye n’imigenderanire, bamwe mu bategetsi ba Amerika baratunzwe agatoke na Leta y’Uburundi incuro nyinhsi ko bashigikiye abayigwanya.

Ivy’ariko, ngo ntibizobuza Amerika kubandanya ishigikira Uburundi.

« Mu migenderanire y’ibihugu hama hariho ibihe vyiza na bibi. Mur'iki gihe turiko duca mu bihe bitoroshe niko. Ariko reka ndabivuge ntomoye, Amerika ntiyigeze kandi ntiriko irafata mu mugongo umuntu n’umwe agwanya Leta y’Uburundi. Twarabivuze kenshi, reka ndabisubiremwo.

Ariko turazi ko hari ibibazo, nico gituma duhamagarira Leta n’abatavuga rumwe nayo kubitorera umuti. Imigenderanire hagati ya Amerika n’Uburundi yarabandanije. Turafise umugambi wo gufasha imfashanyo iki gihugu y’ama miliyoni 50 y’amadolari. Kuva nshika ngaha mu 2013, twarafashije mu vyerekeye amagara y’abantu, kugwanya inzara, Sida, twarafashije mu matora tubicishije muri IFS, n’ahandi.

Rero twagumye dufasha kandi tuzobandanya.

Dawn Liberi avuga kandi ko hamwe Uburundi bwobisaba Leta ya Amerika yotanga abahinga b’ugufasha amatohoza kugira ukuri kuje ahabona kuvyo Leta y’Uburundi yagiriza Urwanda ko rufasha abashaka kuyisenyura.

Reta ya Amerika yaramenyesheje kw izofata mu mugongo intambuko zose z’ukuri.

Twaratanze ubutumwa kenshi ku bihugu vyo mu karere. Twaravuze kw' ata cifuzo dufise co kwinjira mw’itunganywa ry’igihugu na kimwe. Ariko turamutse tubisabwe , mbere sinovuga amatohoza ahubwo ukwerekana uko ibintu biri mu kuri no ku mugaragaro, twaramaze kubishikiriza, turiteguriye gufasha abarundi.

Mu myaka itatu yar'amaze mu Burundi, Ambassadeur Dawn Liberi avuga ko mu bintu atazokwibagira mu Burundi ari urukundo rw’abarundi n’umugenzo wo kwakira neza abantu.

Avuga kw' ivyo yabibonye mu bantu baciririkiye mu mitumba yo mu ntara no mu bakomeye n’abahambaye. Mu kwezi kw’umunani kuza niho bitegekanijwe kw'uwuzomusubirira ashika mu Burundi.

Eloge Willy Kaneza, Bujumbura, Ijwi rya Amerika.

XS
SM
MD
LG